Uko wahagera

Nijeriya: Abanyagihugu Barasinzikajwe n'Inzara


Umuganga ariko aragaburira umwana yasinzikajwe n'inzara
Umuganga ariko aragaburira umwana yasinzikajwe n'inzara

Amashirahamwe y’abagiraneza amenyesha ko ari mu gikorwa co kugarukira ku banyagihugu bo m’uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, bugarijwe n’inzara. Abategetsi bamenyesha ko abantu baharugwa muma miliyoni bugarijwe n’ikiza c’inzara.

Intambara zadutse aho m’uburaruko bwa Nijeriya kuva mu bihumbi bibiri n'icenda, umugwi w’iterabwoba Boko Haram utanguye gukora ibitero mur’ako karere, zahavuye zitandukira n’ibihugu bibanyi, arivyo Nijeri, Cameruni na Tchad. Ibihugu bitandukanye vyarakoranye mu kurungika inteko zija kugwanya Boko Haram.

Ubu bivugwa ko ibitero bikomakomeye vyahora bikorwa n’uwo mugwi bisa n’ivyaheze. Yamara biravugwa ko hari urwaruka rugikoreshwa mu gukora ibitero vy’abiyahuzi.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa n’uburimyi, FAO, rimenyesha ko hari igitigiri kinini c’abanyagihugu bata izabo m’Uburaruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya. Iryo rishirahamwe rivuga kandi ko abanyagihugu baharugwa ku miliyoni zitanu bugarijwe n’inzara.

Ayo mashirahamwe asaba amakungu interereno y’imiliyoni mirongo ibiri z’amadolari kugira ashobore kwitegurira gufasha abo banyagihugu, kubijanye n’uburimyi.

XS
SM
MD
LG