Uko wahagera

Sentare ya Kenya Yavuguruje Ingingo ya Reta


Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu arashima ingingo ya sentare nkuru muri Kenya, ihagarika ingingo yo kwugara ikambi y’impunzi ya mbere nini kw’isi.

Reta ya Kenya yar’ iherutse gutangaza kw’ igiye kwugara ikambi ya Dadaab yakiriye impunzi zirenga ibihumbi amajana atatu.

Benshi mur’ izo mpunzi bakaba bahunze igihugu ca Somaliya ku mvo z’umutekano.

Yamara umucamanza yaciye urubanza rwisunze ibwirizwa shingiro rya Kenya rivuga kw’ iyo ngingo yari yafashwe na reta, iteye kubiri n’amasezerano mpuzamakungu ajejwe gukingira impunzi, avuga ko kizira gusubiza impunzi mu bice birimwo intambara.

Dadaab n’ikibanza kigizwe n’uduce dutanu dutunganijwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu buseruko bw’igihugu ca Kenya.

Agace ka mbere kubatswe haciye imyaka 25, aho kakira impunzi z’abanye Somaliya bari bahunze iterabwoba n’inzara mu gihugu cabo.

Reta ya Kenya yavuzeko hariho umutekano mu gihugu cabo ca Somaliya kandi ko bakwiye gutahuka, yongera isohora itegeko ry’uko iyo kambi yoca yugagwa.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yaciye yitwarira iryo tegeko rya reta muri sentare nkuru y’igihugu.

Niho, iyo Sentare yasanga iryo tegeko riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu hamwe n’amategeko mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG