Uko wahagera

USA: Sentare Yahakanye Itegeko rya Prezida Trump


Sentare y’Igihugu, hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yanse gusubira kw’itegeko rya Prezida Donald Trump, ribuza abantu baturuka mu bihugu indwi, bibamwo aba isilamu, gusubira kwinjira k’ubutaka bwa Amerika.

Urwo rubanza rwari rushashemwo abacamanza batatu, muri gisagara ca San Fransisiko, muri Reta ya Californie, bavuga ko banse gusubiramwo ingingo yafashwe na sentare y’intango, ihagarika iryo tegeko. Abo bacamanza basigura ko Reta itashoboye gutanga ibirego vyumvikana.

Inyuma y’iyo ngingo ya Sentare, Prezida Trump yabwiye abamenyeshamakuru, ko ingingo yafashwe hisunzwe ivya politike, kandi ko, impera n’imperuka, Reta yiwe izotsinda urwo rubanza vyoroshe.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Bob Ferguson, umucamanza mukuru wa Reta, muri Reta ya Washington, yavuze ko Igihugu ca Amerika ar’Igihugu kigizwe n’amategeko, kandi ko ayo mategeko afata bose, harimwo n’Umukuru w’Igihugu.

Muri kino gihe, Reta irongowe na Prezida Trump, imenyesha ko igiye kwunguruza urwo rubanza. Ivyo vyatangajwe na Prezida Donald Trump, k’urubura rwa Twitter.

Mwomenya ko abakukuruke mu gisata c’umutekano w’Igihugu, amashirahamwe akomeye muvy’ubuhinga bwa none, hamwe n’abarongozi muvy’amategeko baturuka muma Reta arenga cumi n'abiri bashigikiye ingingo ya sentare yo guhagirika itegeko rya Prezida Tump.

XS
SM
MD
LG