Uko wahagera

USA: Jeff Sessions Yarahiye Kuba Umushikiranganji w'Ubutungane


Senateri Jeff Sessions, yarahiye mu mabanga y’ukuba umushikiranganaji ajejwe ubutungane muri Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, mu birori vyabaye kur'uyu wa kane mu ngoro ya perezida, Maison Blanche.

Inama nkenguzamateka y'Amerika yemeje Sessions ku wa gatatu italiki 8 z'ukwezi kwa mbere 2017. Ivyo n'inyuma y’impari zikomeye zamaze igihe kirenga umusi.

Inama nkenguzamateka yemeje Senateri Sessions, n’amajwi 52 kuri 47.

Abaye umushikiranganji agira uwa gatandatu muri Reta ya Trump yemejwe n’inama nkenguzamateka.

Jeff Sessions, yavuze kw’ari icubahiro gikomeye kuriwe. Yamenyesheje kw’azokora ibishoboka kugira yizigirwe n’abamutoye.

Jeff Sessions, yarashigikiye bikomeye Donald Trump, kuva mu ntango y’igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza mu mwaka uheze w'2016. Sessions yemeye gushira amategeko imbere ya politike mu mabanga yiwe y’umushikiranganji ajejwe ubutungane.

XS
SM
MD
LG