Uko wahagera

Trump: Amerika Yipfuza Imigenderanire Myiza n'Ubushinwa


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump, yatangaje ko yiteguriye kugiranira imigenderanire ifitiye akamaro Amerika n’Ubushinwa.

Ibiro vya perezida Trump, Maison Blanche, vyamenyesheje mw’itangazo ejo ku musi wa gatatu ko Trump yabishikirije mw’ikete yarungikiye perezida w’Ubushinwa, Xi Jinping.

Iryo tangazo rimenyesha kandi ko Trump yashimiye Xi Jinping kubera ikete yamurungikiye ryakeza ukurahira kwiwe mu kwezi guheze.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubushinwa, Lu Kang, yatangaje ku musi wa kane kw’Ubushinwa bushima ikete rya Trump, kandi ko bwiteguriye gukorana n’Amerika mu mugambi w’ugukorera hamwe n’ugukomeza imigenderanire kurushiriza.

Perezida Trump na perezida Jinping ntibaravugana kuva Trump ashikiye amabanga y’umukuru w’igihugu.

Igihe Donald Trump yariko yiyamamariza kuba perezida w’Amerika, yaranebaguye akatari gake Ubushinwa, cane cane ku kibazo cerekeye ubudandaji.

Yarashavuje kandi cane abategetsi b’Ubushinwa igihe yavugana kuri telephone na perezida wa Taiwan, Tsai Ing-wen.

XS
SM
MD
LG