Uko wahagera

Siriya: Umukuru wa al-Qaida Yaraguye mu Gitero


Abagwanyi ba al-Qaida muri Siriya
Abagwanyi ba al-Qaida muri Siriya

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje, kur’uyu wa gatatu, ko umukuru w’umugwi al-Qaida, yar’afitaniye imigenderanire na Oussama Ben Laden, yahoze arongoye uwo mugwi, yaguye mu gitero c’abasirikare ba Amerika.

Abou Hani al-Masri yishwe itariki zine z’uku kwezi kwa kabiri, ari mu modoka hafi y’igisagara ca Idlib, muri Siriya. Al-Masri abaye umukuru agira kane w’umugwi al-Qaida yiciwe muri ico gihugu, nkuko vyatangajwe n’umutegetsi mu gisirikare ca Amerika. Yari kandi umwe mu bashinze umugwi w’iterabwoba w’aba jihadiste bakorera muri Misiri, akaba yaramaze kugaba ibitero bitari bike ku nyubakwa za Amerika.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwatangaje kandi ko abagwanyi b’umugwi al-Qaida bashika kuri cumi, baguye mu gitero cakozwe n’abasirikare ba Amerika, itariki zitatu z’uku kwezi kwa kabiri, bari mu nzu aho bari basanzwe bahurira.

XS
SM
MD
LG