Uko wahagera

Sentare Yamaganye Abahinyuza Perezida Mugabe


Sentare nkuru y’igihugu ca Zimbabwe yahakanye ivyagiriji vyashikirijwe n’abaharanira agateka kamuntu mur’ico gihugu bagiriza Perezida Robert Mugabe ko atubahiriza ibwirizwa nshingiro kandi ko atabereye kurongora igihugu

Robert Mugabe arongoye Zimbabwe kuva cikukira mu mwaka w’1980. Amaze gusabwa akatari gake kuva k’ubutegetsi.

Abigaragamvya barihereje amabarabara mu mwaka uheze bamwagiriza guhonyanga agateka ka muntu mugihe n’ubutunzi bw’igihugu bwasubiye inyuma cane.

Uwutavugarumwe n’ubutegetsi bwa Zimbabwe, Promise Mkwananzi yaritwariye Mugabe amwagiriza ko yahonyanze ibwirizwa nshingiro mugihe c’iyo myigaragamvyo.

Mkwanazi yitwaye avuga ko Mugabe yateye ubwoba ubutungane n’abaharanira agateka kamuntu kandi ko yavuze ko inzego z’umutekano ar’iziwe

XS
SM
MD
LG