Uko wahagera

Ikibazo cy'Impunzi Gihangayikishije Abanyaburayi


Ishirahamwe ry’Abanyaburaya riragabisha ibihugu birihurikiyemwo ko ikizokwanka kwakira impunzi nk’uko bavyemeranije kizobona ingaruka m’ukwezi kuzokurikira.

Ivyo vyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’ishirahamwe rya Buraya, Frans Timmermans kur’uyu wa gatatu.

Mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Timmernans yavuze ko agifise icizere ko abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango bizokwakira zimwe mu mpunzi ibihumbi 160 zikizibiriwe mu Butaliyano n’Ubugiriki. Timmermans avuga ko bitumvikana kubona Ubugiriki n’Ubutaliyano arivyo bihugu vyikoreye umutwaro w’izo mpunzi mugihe ibindi ata n’umwe birakira.

Izo mpunzi ibihumbi 160 zitegekanijwe kwakirwa n’ibihugu vya buraya m’ukwezi kw’icenda, ariko abashika ibihumbi 12 gusa nibo bamaze kwakirwa n’ibindi bihugu.

Ibihugu bigize Ubumwe bwa Buraya vyemeranije mu kwezi kw’icenda 2015 ibitigiri vy’impunzi kimwe kimwe kizokwakira, inyuma y’impari zamaze ukwezi kwose. Bimwe cane cane ibiri mugice co hagati vyisigura bivuga ko ubutaka bwabo buzoba butewe.

XS
SM
MD
LG