Uko wahagera

Kameruni Ivuga ko Boko Haram Ihashywa


Abategetsi mu buraruko bwa Kameruni batangaza ko umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram uriko urwana usubira inyuma mugihe usugerejwe n’abasirikare barungitswe n’akarere kuwurwanya. Haraheze indwi ata makuru y’ibitero vy’amabombe uteye.

Mu ntumbero yo gukingira abanyagihugu, reta ya Kameruni iriko irakomeza ubushobozi bw’abanyagihugu bwo kwirarira no kwirwanira kugira bafashe abasirikare.

Inteko zo mu karere zitangaza ko zirukanye abo bakora iterabwoba mubice bari barigaruriye. Ariko bavuga kandi ko Boko Haram waciye utangura kuza uragaba ibitero vy’ubwihevyi cane cane kubasivile.

Hari amakenga ko mur’abo banyagihugu birarira hoba harimwo abarwanyi babiyitirira kandi ko ico gikorwa kibonekamwo rimwe na rimwe ukutubahiriza uburenganzira bwa kiremwa muntu.

M’umwaka urangiye, bamwe mur’abo banyagihugu barahagaritswe bakekwa kuba abarwanyi ba Boko Haram binjiye muri bo.

Gushik’ubu abarenga cumi baramaze kwicwa mu buraruko bwa Kameruni.

XS
SM
MD
LG