Uko wahagera

Somaliya: Ntawabashije Gutsinda Amatora Mugice Ca Mbere


Amatora y’umukuru w’igihugu muri Somaliya agiye kuja mugice ca kabiri inyuma y’aho atamukandida yabashije kuronka amajwi akenewe kur’uyu wa gatatu kugira atahukane intsinzi.

Umukuru w’igihugu ariho ubu, Hassan Sheikh Mohamud, niwe yaje imbere kumajwi 88 ariko ntiyabashije gushikana igitigiri gisabwa kugira yongere kurongora igihugu.

Uwamukurikiye n’uwahoze ar’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Abdullahi Mohamed, yaronse amajwi 72. Nawe uwahoze ar’umukuru w’igihugu Sheikh Sharif Sheikh Ahmed yaje ku mwanya wa gatatu kumajwi 49, mugihe Omar Sharmarke asanzwe ar’umushikiranganji wa mbere, yaronse amajwi 37.

Bose uko ari bane baronse uburenganzira bwo guhiganwa mugice ca kabiri gitegekanijwe kuba kur’uyu wa gatatu nyene. Abakandida bataronse uburenganzira bwo kubandanya bashobora guha amajwi uwo bipfuza mubakandida bane basigaye.

Aya matora aba mugihe ingingo zo gucungera umutekano zafashwe bikomeye mukibanza kiri hafi y’ikibuga c’indege mpuzamakungu ahasanzwe hariko habera ayo matora.

Abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab bari bagabishije ko bazohungabanya ayo matora ndetse kur’uyu wa kabiri bakaba barateye igisasu k’umurwa mukuru Mogadishu ariko ntawe cahitanye.

XS
SM
MD
LG