Uko wahagera

Somaliya: Igitero Hafi y'Ahabera Amatora


Abasirikare ba Reta, mu gikorwa co gucungera umutekano ahabera amatora y'Umukuru w'Igihugu
Abasirikare ba Reta, mu gikorwa co gucungera umutekano ahabera amatora y'Umukuru w'Igihugu

Ibisasu bitanu vyaturikiye ku kibuga c’indege c’i Mogadiscio, k’umugwa mukuru wa Somaliya, ahategekanijwe guhurira abashingamateka kur’uyu wa gatatu, mu matora y’Umukuru w’Igihugu. Gushik’ubu nta cegeranyo c’abahitanywe nico gitero kirasohoka.

Abanyagihugu baba mu micungararo bagiriza umugwi al-Shabab kw’ariwo wakoze ico gitero, bivuye ko wari wagabishije kuzodurumbanya amatora. Ibitero vy’amasasu vyakozwe kandi mu bindi bisagara, ahasanzwe hacumbitse inteko z’Ubumwe bwa Afrika, nkuko vyatangajwe n’umurongozi, avuga ku gitero cabereye mu gisagara ca Arbow, ku birometero cumi na bitatu uja m’ubumanuko bwa Mogadiscio.

Bitegekanijwe ko abashingamateka bashika ku amajana atatu na mirongo ibiri n'icenda, baza gutora Umukuru w’Igihugu mushasha. Abo bashingamateka, co kimwe n’abakandida bashika kuri mirongo ibiri na babiri bakaba bitezwe gushika kur’ico kibuga c’indege, mu gitondo co kur’uyu wa gatatu, mu ntumbero yo kwegeranya ibikoresho imbere y’uko amatora atangura.

Abategetsi ba Somaliya ntaco barashikiriza ku bijanye n’ivyo bitero. Ababikurikiranira hafi bamenyesha ko bamwe mu bakandida bagerageje gutanga amafaranga mu ntumbero yo kugura amajwi.

Tubibutse ko Prezida Hassan Cheikh Mohamud, yahora aramutswa Somaliya, ari mu bahiganwa mur’ayo matora, co kimwe n’Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya.

XS
SM
MD
LG