Uko wahagera

HCR: Impunzi z'Abarundi Ziriyongera


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe kw’itaho impunzi kw’isi HCR bigabisha ko ubuzima bw’impunzi z’abarundi bari mu makambi y’impunzi mu bihugu bibanyi, bugenda butosekara. Ivyo biro bivuga kandi ko hakenewe vyihuta ibindi bibanza vyo kwakiramwo impunzi zibandanya gushika muri izo nkambi.

Igihugu ca Tanzaniya, Rwanda, na Republika iharanira Demokarasi ya Kongo vyakiriye impunzi z’abanrundi bagera ku 386,000. Ivyo biro vya ONU bigereranya kw’ico gitigiri c’impunzi gishobora gushika kubihumbi amajana atanu muri uyu mwaka, mugihe abantu babandanya guhunga indyane za politike n’ihohotera rya kiremwa muntu mu Burundi.

Umuvugizi wa HCR Leo Dobbs abwira Ijwi ry'Amerika ko hariko amaraporo yerekeye inyuruzwa ry’abantu, ubwicanyi bugigwa kubantu batandukanye, kumwe n’ubwicanyi bugigwa na reta, kandi ibitigiri vy’abantu amajana n’amajana babandanya guhunga buri ndwi.

N’ukwo biri ukwo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Burundi, bumenyesha ko abarundi barenga ibihumbi ijana bamaze guhunguka bava cane cane mu gihugu ca Tanzaniya. Bumenyesha kandi ko naho Uburundi bufise impunzi mu bihugu bibanyi, na bwo bubandanya kwakira impunzi. Ubushikiranganji bumenyesha kandi ko Uburundi buhaye indaro impunzi zigera ku bihumbi 58, abanshi muri bo ni Abanyekongo.

XS
SM
MD
LG