Ibihugu bitanu vyo mu karere ka Sahel, vyatangaje ko bigiye kwunga urunani no gushiraho inteko zo kurwanya imihari y’iterabwoba icumbitse muri Mali.
Ivyo babitangaje kur’uyu wa mbere mu nama yahuje abakuru b’ivyo bihugu vyo mur’ako karere ka Sahel I Bamako k’umurwa mukuru wa Mali italiki 6 z'ukwezi kwa kabiri, 2017.
Iyi nama y’abakuru b’ibihugu vya Burkina Faso, Mali, Moritaniya, Nijeriya na Cade ibaye mugihe indwi zitatu zigira zirangire habaye igitero c’abihevyi cahitanye abarenga 80 mu gisagara Gao, mu buraruko bwa Mali.
Igitero cagabwe n’umuhari w’iterabwoba Al-Mourabitoune urongowe na Mokhtar Belmokhtar, ucuditse n’umuhari wa Al-Qaïda.
Urwandiko rwasohowe inyuma y’iyo nama, rwashizwe ahabona n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, rutangaza ko uburaruko bwa Mali aribwo bwihisho bw’abakora iterabwoba, ninaho kandi bava bagiye kugaba ibitero mu bihugu bibanyi.
Urwo rwandiko ruvuga ko ari nabo bagirizwa ibitero biheruka kuba muri Burkina Faso, Kote Divuware, Nijeri na Mali.
Nijeriya, Burkina Faso na Mali vyemeranije guhura itariki 24 I Niamey muri Togo kugira bashireho inteko za gisirikare ku ruhande rwabo zizorwanya iterabwoba.