Uko wahagera

Somaliya: Ruswa mu Matora y'Umukuru w'Igihugu


Umushingamateka wa Somali ariko aratora umukuru w'Inama nshingamateka i Mogadishu, Somalia m'ukwezi kwa mbere, itariki 11, 2017.
Umushingamateka wa Somali ariko aratora umukuru w'Inama nshingamateka i Mogadishu, Somalia m'ukwezi kwa mbere, itariki 11, 2017.

Indorerezi z’amatora muri Somaliya zitangaza ko ibiturire biriko biratangwa ku rugero rurenze mugihe kur’uyu wa gatatu ariho hategekanijwe amatora y’umukuru w’igihugu.

Abakandida bahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Somaliya baradomwako urutoke ko baha utuganuke canke bapfumbatisha amafaranga atari make abashingamateka kugira bazobatore.

Abakandida mirongo ibiri na batatu nibo bariko barahiganwa na perezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya, ariko arondera manda igira kane nk’umukuru w’igihugu.

Umukuru w’igihugu azotorwa n’abashingamateka, baheruka gutorwa mu mwaka uheze w’2016.

Abdi Ismail Samatar, arongoye umurwi wigenga ujejwe kurwanya ibiturire muri Somaliya yatangaje kur’uyu wa mbere ko ashobora gushira ahabona abariko baratanga n’abakira ibiturire.

Amakuru atangwa na bamwe mu bashingamateka avuga ko umukandida umwe yatanze umuriyoni 1.3 w’amadolari kugira azotorwe.

Abakandida kandi ngo baremerera abashingamateka bazobatora ko bazobaha ibibanza muri reta.

Somaliya kizwi nk’igihugu gifise reta yazingamitswe n’ibiturire kandi itagira inguvu.

XS
SM
MD
LG