Uko wahagera

Nijeriya Ihangayikishijwe n'Ubuzima bwa Perezida


Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari

Bisa nuko amagara ya perezida w’igihugu ca Nijeriya, Muhammadu Buhari, atameze neza.

Abanyanijeriya bariko batera bakwirikiranira hafi kurushiriza ivyerekeye amagara ya perezida Buhari.

Vyari bitegekanijwe ko Buhari, mur'iki gihe afise imyaka 74, asubira ku mirimo yiwe kur'uyu wa mbere itariki 6 z'ukwezi kwa kabiri 2017, ku murwa mukuru wa Nijeriya, Abuja, inyuma y’akaruhuko ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubwongereza, Londres.

Yamara ku musi w’Imana ku muhingamo, ibiro vyiwe vyatangaje ko azokwongereza ikiringo ciwe m'Ubwongereza abitegetswe n’umuganga wiwe.

Ivyo kubera yari arindiye ivyavuye mu vyo yipimishije mu gihe amaze m'Ubwongereza.

Ivyatangajwe n’ibiro vyiwe vyatumye hasubira kuba urukurukuru ku magara yiwe.

Nta kintu kinini yakoze kugira ahumurize abanyagihugu bafise amazinda ku bijanye n’amagara yiwe.

XS
SM
MD
LG