Uko wahagera

Gucacura Ibice vy'Irondoka ku Bigeme Bihagarare


Amashirahamwe akomeye ajejwe gutabara ariko asaba ihigarikwa ry’umuco w’ugucacura ku bice vy’irondoka ku bigeme.

Uwo muco uragira ingaruka zikomeye ku miliyoni n’imiliyoni y’abigeme n’abapfasoni kw’isi.

Hafi y’abigeme n’abapfasoni imiliyoni amajana abiri baracacuwe ku bice vy’irondoka kw’isi. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ritengaza ko kw’abandi bigeme imiliyoni zitatu benshi muribo bari musi y’imyaka 15 babandanya gucacurwa ku bice vy’irondoka uko umwaka utashe.

Ishirahamwe ONU, rimenyesha kw’igice c’abigeme n’abapfasoni mu bihugu vya Misiri, Ethiopia na Indonesiya, bacacuwe ku bice vyc’irondoka.

Ishirahamwe ONU, ritangaza kw’intambwe ziriko zirashikwako mu nzira y’ugukuraho uwo muco. Yamara, iryo shirahamwe rimenyesha ko izindi ntambwe zitegerezwa gushikwako kugira uwo muco urangire burundu mu mwaka w’i 2030.

XS
SM
MD
LG