Uko wahagera

Intumwa z'Amerika Gushigikira Perezida Mushasha wa Hayiti


Perezida wa Hayiti Jovenel Moise aheruka gutsinda amatora.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yarungitse abamuserukira mu gihugu ca Hayiti, mu birori vy’ukurahira kwa perezida yavuye mu matora muri ico gihugu, Jovenel Moise, bizoba ku musi wa kabiri itariki 7 z'ukwezi kwa kabiri, 2017.

Itangazo ryo mu biro kwa perezida Trump, rimenyesha kw’uwunganiye umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Amerika ku bibazo vya politike, Thomas Shannon, azoyobora umurwi w’abaserukira perezida Trump, muri Hayiti.

Jovenel Moise, yitoje ku ruhande rw’umugambwe w’uwahoze ari perezida Michel Martelly, yatsinze no hafi y’ibice 56 kw’ijana vy’amajwi, mu matora yo kw’italiki 20 z’ukwezi kw’icumi na rimwe.

Mu kiganiro aherutse guha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, yigereranije na perezida Trump.

Yatangaje ko bompi ari abarwizatunga, kandi kw’ikintu abarwizatunga bahurirako ari ugushika ku migambi bishinze.

Perezida yavuye mu matora muri Hayiti, Jovenel Moise, avuga ko bazokora uko bashoboye kugira babone ko bubahirije ivyo bemereye abanyagihugu.

Yatangaje ko atawe azokumira, kw’Abanyahayiti bategerezwa gukorera hamwe.

XS
SM
MD
LG