Uko wahagera

Ruswa mu Banyepolitike muri Rumaniya


Umushikiranganji ajejwe ubutungane w’igihugu ca Rumaniya yatangaje ko agiye gushira ahabona ibiri mw’itegeko rishasha rirwanya ibIturire mu gihugu.

Ivyo bibaye inyuma yuko Reta y’ico gihugu yiyamirije itegeko rya Reta ryari kuba ryakingiye ikibaba abanyepolitike batari bake mu kudakwirikiranwa ku vyerekeye ruswa.

Iyo ngingo ya Reta y’umushikiranganji wa mbere, Sorin Grindeanu, yafashwe mu gihe abanyagihugu isinzi bari mu myiyerekano bari buzuye mu kibanza, Victory Square, citiriwe intsinzi ku murwa mukuru wa Rumaniya, Bucharest, ku musi ugira uwa gatandatu bikwirikiranya mu myiyerekano.

Iyo myiyerekano ibonwa n’abantu benshi ko ariyo myiyerekano ikomeye cane yiyamiriza Reta kuva umutegetsi w’umukomunista yatwaza igitugu, Nicolae Ceausescu, atembagajwe mu mwaka w’i 1989.

Abantu ibihumbi amajana n’amajana, bari mu myiyerekano, barabandanije kwuzura mu kibanza ca Victory Square, gushika mu masaha akuze yo mw’ijoro.

Ivyo naho Reta yafuse itegeko ryari kwihweza ivyaha bimwe bimwe bijanye na ruswa.

Reta yatangaje kw’iyo ngingo yari ikenewe kugira bigabanye ibitigiri umurengera vy’abantu bari mu mabohero muri kimwe mu bihugu vyasinzikanjwe na ruswa kurusha ibindi ibihugu vyo mu karere k’Ubulayi.

Nta kinini iyo ngingo yatangajwe mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu yakoze kugira igabanye igitigiri c’abagize imyiyerekano ku musi w’Imana.

XS
SM
MD
LG