Uko wahagera

Trump: "Ibizoshikira Amerika Bizobazwa Abashikirizamanza"


Abiyamiriza Itegeko rya Perezida Donald Trump ku bimukira hafi ya White House i Washington, italiki 4, ukwezi kwa kabiri , 2017
Abiyamiriza Itegeko rya Perezida Donald Trump ku bimukira hafi ya White House i Washington, italiki 4, ukwezi kwa kabiri , 2017

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yabwiye abanyamerika ko mugihe hogira igishikira Amerika vyobazwa umushikirizamanza yahagaritse itegeko ryiwe. Iryo tegeko ryabuza abimukira bava mu bihugu indwi birwiriyemwo Abayisilamu kwinjira muri Amerika.

Ivyo yabishikirije kur'uyu w'Imana italiki 5 z'ukwezi kwa kabiri 2017, inyuma y’aho mu mpera z’iyi ndwi umushikirizamanza wo muri Reta ya Washington, James Robart ahagarikiye ivy’agateganyo itegeko ryasinywe na Perezida Trump.

Iryo tegeko rivuga ko abimukira bamuka muri Irani, Iraki, Libiya, Somaliya, Sudani, Siriya na Yemeni boba barabuzwa kwinjira muri Amerika mu kiringo c’agateganyo c’imisi 90.

Sentare nkuru isubiramwo imanza yo muri Reta ya San Francisco kur’uyu w’Imana nayo nyene yaranse gushigikira ivyasabwe na Trump ko iryo tegeko ryoshirwa mungiro.

Inyuma y’iyo ngingo ya sentare, abakozi bakora kumbibe baciye basubira kwemerera abafise uburenganzira, Viza, kwinjira muri Amerika.

Eka n’amakompanyi y’indege yaciye asubira gutwara ingenzi ziva mur’ivyo bihugu ndwi vyari vyahagaritswe kwinjira muri Amerika.

XS
SM
MD
LG