Uko wahagera

Kameruni Yatsindiye Igikombe c'Afurika c'Ibihugu


Umumenyereza wa Kameruni Hugo Broos, ahimbaza intsinzi n'abakinyi biwe

Kameruni yaratsindiye, ku musi w’imana italiki ya 5 ukwezi kwa kabiri umwaka w'2017, igikombe c'Afurika c’umupira w’amaguru, CAN 2017. Yatsinze Misiri ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Ku ruhande rwa Misiri, igitsindo cinjijwe n’umukinyi Mohamed Elneny ku munuta wa 22. Mu gihe ku ruhande rwa Kameruni igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi, Nicolas Nkoulou, ku munuta wa 59.

Kameruni yongeye gutsinda igitsindo ca kabiri cinjijwe n’umukinyi Vincent Aboubakar ku munuta wa 88.

Urukino rwabereye ku murwa mukuru wa Gabon cakiye igikombe c’ibihugu vya Afrika, Libreville.

Ibaye incuro ya gatanu Kameruni itsindira igikombe c’ibihugu vy'Afrika. Ubwa nyuma, yaheruka gutsindira ico gikombe hari m'umwaka w’i 2002.

XS
SM
MD
LG