Uko wahagera

Somaliya: Prezida Mohamud Asaba Iyindi Manda


Prezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya
Prezida Hassan Sheikh Mohamud wa Somaliya

Muri Somaliya, Prezida Hassan Sheikh Mohamud yatangaje ko ari hamwe Inama nshingamateka imwemereye kubandanya ikindi kiringo, azokora ibishoboka kugira agarukane umutekano, akitaho ubuzima bwa politike mu gihugu. Prezida Muhamud yavuze ko afise intumbero yo guheraheza imigambi itari bwahere mu kiringo yatwaye Igihugu.

Mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika, Prezida Muhamud yavuze ko icatumye adahagarika ibitero vy’imigwi y’abiyahuzi ar’uko abo bagwanyi bakora ibitero ku bibanza bitoroshe. Mw’ijambo ryiwe, imbere y’Inama nshingamateka kur’uyu wa kane, Prezida Mohamud yatangaje ko yipfuza gukomeza igisirikare, kugira agarukane umutekano mur’iyi myaka ibiri ir’imbere, mu ntumbero kandi yo gutegura amatora y’abanyagihugu ategekanijwe kuba mu bihumbi bibiri na mirongo ibiri.

Prezida Mohamud ari k’urutonde gw’abakandida bashika kuri mirongo ibiri na batatu bahiganirwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu, abenshi muribo bakaba bafise ubwenegihigu bwa Amerika, Canada n’Uburayi. Iryo higanwa rirmwo kandi Umushikiranganji wa mbere avuga ko hakenewe ihinduka ry’uburongozi.

Mwomenya ko kur’uyu wa gatatu ariho abashingamateka bashika ku majana atatu na mirongo ibiri n'icenda bategekanya gutora Umukuru w’Igihugu mushasha wa Somaliya.

XS
SM
MD
LG