Uko wahagera

USA Ishyigikiye Bidasubirwaho Ubuyapani


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika James Mattis igihe yariko abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika James Mattis igihe yariko abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, James Mattis, yatangaje ari i Tokyo ku murwa mukuru w’Ubuyapani ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ziyemeje ko zishigikiye igihugu c’Ubuyapani ijana kw’ijana.

Ivyo Mattis, yabitangaje mu rugendo rwiwe rwa mbere kuva agenywe mu mabanga y’ukuba umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi igihe yariko abonana n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe.

Imbere yaho uno musi ku wa gatanu, Mattis yatangaje ari muri Koreya y’epfo kw’igitero icarico cose ca Koreya ya ruguru ikoresheje ibirwanisho ruhonyanganda kuri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, canke ibindi bihugu ivyarivyo vyose bicuditse na Amerika bizoronka inyishu y’akarorero.

Urugendo rwiwe muri Koreya y’epfo no mu Buyapani rugenewe guhumuriza ivyo bihugu bibiri bicuditse na Amerika.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yaragabishije igihe yariko yiyamamaza, gukura inteko za Amerika muri Koreya y’epfo n’Ubuyapani, hamwe ivyo bihugu bitotanga intererano kurushiriza ku mfashanyo ya gisirikare bironswa na Amerika.

Koreya y’epfo ifise inteko z’Abanyamerika ibihumbi mirongo ibiri n’umunani n’amajana atanu ku butaka bwayo, mu gihe hari inteko z’Abanyamerika ibihumbi mirongo ine n’indwi ziri mu gihugu c’Ubuyapani.

XS
SM
MD
LG