Uko wahagera

RUMONGE: Abanyororo Bagize Yegereyegere


Abanyororo bo mw’ ibohero rikuru ryo mu Rumonge, kur’uno wa gatanu bazindukiye muri yegereyegere.

Iryo bohero riri mu bumanuko bw’Uburundi mu ntara n ikomini ya Rumonge, nko birometero birenga gato 70, uva mu gisagara ca Bujumbura, ahitwa ku murembwe.

Iryo yegereyegere iremezwa n’abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge hamwe n abarongoye ubuyobozi bukuru bw’amabohero mu Burundi.

Nk’uko amakuru Ijwi rya Amerika rikura mu begereye iryo bohero abimenyesha, abanyororo bazindutse muri yegereyegere kubera ubukene bw’ibifungugwa.

Nk’uko ayo makuru abimenyesha, indwi iraheze, abo banyororo bataronka ibifungurwa bikwiye.

Abanyororo bavuga ko mu gihe bari bamenyereye kuronswa amagarama 350 y’ibiharage hamwe n’amagarama 350 y’ifu hatibagiwe umunyu n'amavuta, mur’iki gihe, baronswa ibiharage gusa, bakimwa ifu, canke bakaronka ifu ntibaronke ibiharage.

Kugira barinde bagira iyo yegereyegere abo banyororo bavuga ko bari bamaze imisi ibiri, ata ciswe infungugwa na kimwe baronka.

Iyo yegereyegere yatanguye kuva isaha cumi na zibiri z’agatondo, aho abanyororo bamenye imiryango nka yose ihuza inyubakwa zitandukanye z' iryo bohero.

Nta mishamirano yabaye hagati y’abapolisi n’abanyororo kubera ko uwurongoye igipolisi mu ntara ya Rumonge Donatien Ndayizeye yaciye ahashika, hanyuma haca hatangura ibiganiro.

Ivyo biganiro ntivyabaye imbona nkubone. Uwurongoye abanyororo niwe yar’ umuhuza hagati y’igipolisi n’abanyororo.

Abanyororo nka we bamutuma akababakiye, nawe akaja kugashikiriza iyo ndongozi y’igipolisi mu ntara ya Rumonge; iyo nayo ikamutuma ivy’ abwira abanyororo.

Kugira abanyororo batekane, uwurongoye igipolisi mu ntara ya Rumonge yaciye abemerera kw’ibifungurwa vyo kur’ uno musi biza kuboneka.

Ijwi rya Amerika ntiryashoboye kuvugana na Jean Claude Ntirandekura arongoye iryo bohero.

Buramatari w intara ya Rumonge Juvenal Bigirimana, tumurondeye ikintu co nyene yabwiye Ijwi rya Amerika n’ uko ikibazo c’abo banyororo catorewe inyinshu.

Ibohero ryo mu Rumonge rifise abafungwa barenga 1000, mu gihe ryari rigenewe abantu amajana umunani .

Ingorane y’ubukene bw’ibifungugwa ntiyibonekeza gusa mu ntara ya Rumonge.

No mw’ bohero rikuru ry’intara ya Bururi naho nyene, ubwo bukene buribonekeza.

XS
SM
MD
LG