Uko wahagera

Urahara rwa ONU mu ntambara ziri muri Sudani y'Ubumanuko


Inteko za ONU muri Sudani y'Ubumanuko
Inteko za ONU muri Sudani y'Ubumanuko

Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Antonio Guterres yatangaje ko ariko arakora ibishoboka vyose kugira ibintu ntibiyangare muri Sudani y’Ubumanuko. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ku cicaro gikuru ca ONU, i New York, aho yaravuye mu nama y’Ubumwe bwa Afrika, Guterres yatangaje ko ONU izogerageza kugira amatati ari mur’ico gihugu atorerwe umuti biciye mu nzira y’amahoro.

Guterres yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiganiro Prezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko, aheruka guhamagarira arivyo bizofasha mu gukomeza ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro, yashizweko igikumu mu mwaka w'ibihumbi bibiri na cumi na gatanu. Ivyo ngo bikazoherekezwa n’intererano y’amakungu, harimwo ONU, n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, hamwe n'igisata kijejwe urudandaza mu karere, IGAD.

Guterres yavuze kandi ko mu nama y’Ubumwe bwa Afrika, yaganiriye na Prezida Kiir, aho yamwemereye ko Reta yiwe izokorana neza n’inteko za gisirikare zo mu karere, hamwe n’abasirikare ibihumbi bine b’abanyamerika bazoja gufasha m’umugambi w’amahoro.

Mwomenya ko inteko mvamakungu zari zitegekanijwe gushika muri Sudani y’Ubumanuko mu mpera z’ukwezi kw’9, mu mwaka uheze, zitarashika. Mu kwezi guheze, umugwi wa ONU watangaje ko ubandanya kuganira na Reta ku bijanye n’aho izo nteko zizoshikira, k’umugwa mukuru wa Sudani y’Ubumanuko, i Juba.

Tubibutse ko intambara zaciye aho muri Sudani y’Ubumanuko, mu kwezi kw’indwi, mu mwaka uheze, hagati y’abasirikare bayoboka Prezida Kiir, n’abayoboka Riek Machar yahora ar’Umushikiranganji wa mbere, zahitanye abantu baharugwa mu majana, harimwo n’abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG