Uko wahagera

Trump: Iterabwoba Ribangamiye ubwigenge bwo Guhitamwo Idini


Perezida Donald Trump ashikirija ijambo mugikorane c'amasengesho i Washington , italiki 2, ukwezi kwa kabiri 2017.
Perezida Donald Trump ashikirija ijambo mugikorane c'amasengesho i Washington , italiki 2, ukwezi kwa kabiri 2017.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Donald Trump, yatangaje kw’iterabwoba rigeramiye bikomeye ubwigenge bw’uguhitamwo idini umuntu yishakiye. Yongeye kwiyemeza ku vyerekeye guhagarika ubwo bubisha.

Ivyo yabishikirije kur’uyu musi ku wa kane, mw’ijambo yashikirije mu gikorane c’amasengesho cama kiba buri mwaka, gihuza abayobozi b’abanyepolitike n’amadini bava mu bice bitandukanye vyo kw’isi.

Perezida Trump yavuze kw’iterabwoba ritegerezwa guhagarikwa kandi ko rizoruhira guhagarikwa.

Trump yavuze ko Reta yiwe izoshiraho uburyo bw’ugufasha kubona kw’abantu bemerewe mu gihugu bisunze imico yerekeye idini n’uburengenzira bw’uwari we wese, kandi ko bazokwiyamiriza uburyo ubwari bwo bwose bw’ugukandamiza n’ugukumira abandi.

Igikorane c’amasengesho catanguye mu mwaka w’i 1953. Abantu ibihumbi bitatu baritaba ico gikorane uko umwaka utashe.

Dwight Eisenhower, yabaye perezida wa mbere w’Amerika yashikirije ijambo muri ico gikorane. Kuva ico gihe abaperezida bakwirikiye barakwirikije uwo muco.

Igikorane c’uno musi ku wa kane cahagarikiwe n’Abasenateri babiri, Umurepublikani, John Boozman n’Umudemokarate Chris Coons.

XS
SM
MD
LG