Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Abafasha Impunzi Bahunze Intambara


Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko, mu gisagara ca Malakal
Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko, mu gisagara ca Malakal

Intambara ziri hagati ya Reta ya Sudani n’imigwi y’abagwanyi, mu gisagara ca Wau Shilluk, zatumye amashirahamwe y’abagiraneza ahagarika gutanga imfashanyo ku banyagihugu ibihumbi bahunze, n’imiryango isanzwe iba mur’ico gisagara.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho abimukira rimenyesha ko izo ntambara zadutse mu gihe ryariko riratunganya intonde z’abakeneye imfashanyo. Iryo shirahamwe rimenyesha kandi ko vyabaye ngombwa ko rikura abakozi baryo mur’ako karere. Ishirahamwe ryitaho abimukira rivuga ko ryari rimaze kwakira abashika ku bihumbi mirongo ibiri, mu kiringo c’indwi imwe, mu kwezi guheze kwa mbere. Abababa ibihumbi bitatu bakaba batari bwashirwe ku ntonde z’abimukira.

Olivia Hoedon, ajejwe gutamatumanako amakuru mw’ishirahamwe ryitaho abimukira, amenyesha ko iryo shirahamwe ryariko ritanga imfashanyo igizwe n’ubuvuzi, hamwe n’ibindi bikoresho abimukira bakenera.

Bivugwa ko izo ntambara zatanguye itariki ya mirongo ibiri na zitanu z’ukwezi kwa mbere, m’ubumanuko bw’igisagara ca Wau Shilluk. Zikaba zahavuye zitandukira n’ibindi bisagara biri mur’iyo micungararo, ahasanzwe haba impunzi zishika ku bihumbi mirongo itatu na bitatu.

XS
SM
MD
LG