Uko wahagera

Afurika Yoba Igiye Kuvavanura na ICC?

İraq - Bağdadda etirazlar

İraq - Bağdadda etirazlar

Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afurika riri munzira yo kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ingingo ishobora kubangamira amahoro, umutekano n’ubutungane k’umugabane w’Afurika.

Abakuru b’ibihugu bitari bike vyo mur’uyo muryango, bamaze kwagirizwa ivyaha vyo mu ntambara abandi bariko baronderwa n’iyo sentare baremeje urwandiko rutashizwe ahabona rwo kuvavanura n’iyo sentare kur’uyu wa kabiri aho bari mu nama I Addis Abeba muri Etiyopiya.

Abakuru b’ibihugu vy’Afurika bamye bagiriza sentare mpuzamakungu mpanavyaha kuba aribo irondera gusa. Bavuga ko abantu 39 bose baronderwa nayo ar’abanyafurika.

Nta tangazo ryashikirijwe kur’iyo ngingo kuko abakuru b’ibihugu bariko bihutira kuja mu bikorwa vyo gusozera inama, ariko bemeranije ko bagiye gutangura urugamba rwo kurwanira amahoro arama n’ubutungane kw’isi.

XS
SM
MD
LG