Uko wahagera

Gambiya: Reta Yatanguye Amatohoza ku Babuzwe Irengero


Abanyagihugu baikra Prezida mushasha, Adama Barrow
Abanyagihugu baikra Prezida mushasha, Adama Barrow

Muri Gambiya, abantu baharugwa mu majana, barakuwe mu munyororo, inyuma y’aho Prezida mushasha wa Gambiya, Adama Barrow, atangarije ko abanyororo bose bapfunzwe kubera imvo za politike barekurwa. Imigwi y’abaharanira agateka ka zina muntu yagiriza Yahya Jammeh, ko mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri n'ibiri yarongoye igihugu yahohotoye ubuzima bw’abantu, akongera agakora n’ayandi mabi, harimwo n’abatari bake babuzwe irengero ryabo ku ntwaro yiwe.

Oussainou Darboe, umwe mu banyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Jammeh, asaba ko hoba gutanga ikigongwe. Aziz Bensouda, umushingwamanza akorera muri Gambiya amenyesha ko ico kibazo kitoroshe bivuye ko bimwe mu vyaha biba vyarakozwe n’ibigo vya Reta, kandi ko bamwe mubabikoze bahunze.

Prezida Barrow yariyemeje gusubiramwo amategeko ku bijanye n’umutekano, no gushinga umurwi ujejwe ukuri no kurekurirana, umurwi avuga ko uzokora co kimwe na Apartheid muri Afrika y’epfo. Hallifa Sallah, umuvugizi wa Prezida Barrow, amenyesha ko Reta iza yatanguye igikorwa co gutohoza abantu babuzwe irengero ryabo ku ntwaro ya Jammeh.

Tubibutse ko Yayha Jammeh, yahora arongoye Gambiya, ubu abarizwa muri Guinee Equatoriale. Abahinga muvy’amategeko bavuga ko Jammeh atakizomukurikirana, bivuye ko ata mategeko mpuzamakungu, canke ayo muri Gambiya amukurikirana.

XS
SM
MD
LG