Uko wahagera

Uwishe Abantu Batandatu muri Canada Yafashwe


Igipolisi co mugisagara ca Quebec muri Canada cagiriza umunyeshure yiga muri kaminuza kuba inyuma y’igitero cahitanye abantu batandatu gikomeretsa abandi umunani k’umusigiri w’abayisilamu k’umusi w’Imana.

Alexandre Bissonnette, w’imyaka 27, niwe ashirwako ubwo bwicanyi, umushikiranganji wa mbere ca Canada Trudeau yise igitero c’iterabwoba kubayisilamu.

Abantu barenga 50 nibo bari mu musigiti w’abayisilamu I Quebec igihe ico gitero caba k’umusi w’Imana.

Umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Quebec, Christine Coulombe, yatangaje ko abapfuye bafise imyaka iri hagati ya 35 na 70. Amenyesha kandi ko mu bantu umunani bakomeretse, batanu baremvye cane.



XS
SM
MD
LG