Uko wahagera

Zuma: Ingingo y'Amerika ku Mpunzi Izagira Ingaruka


Nkosazana Dlamini-Zuma ahejeje kurangiza amabanga yo kurongora ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afurika atangaza ko ingingo yo kubuza abanyagihugu b’ibihugu bitatu vy’Afrika kwinjira muri Amerika izogira ingaruka mbi ku mugabane wose

Yabitangaje kur’uyu wa mbere, imbere y’abakuru b’ibihugu vy’Afurika mu nama ibahuza buri mwaka iriko ibera I Addis Abeba muri Etiyopiya.

Mwomenya ko ibihugu vy’Afurika vyafatiwe iyi ngingo ari Libiya, Somaliya, na Sudani, birwiriyemwo Abayisilamu kandi bisanzwe bifitaniye imigenderanire icumbagira n’Amerika.

Amakenga nk’ayo ashikirizwa n’umunyamabanga mushasha w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, aho ashimira abategetsi b’Afrika bemeye kwakira impunzi, akabasa kugumana uwo mutima wo gutanga indaro.

Abajijwe ingaruka iryo tegeko rizogira ku mpunzi, ntaco yishuye, ariko avuga ko gukingira impunzi kizoba kimwe muvyo Amerika ikwiye kuzoshira imbere muri kazoza.

XS
SM
MD
LG