Uko wahagera

Somaliya Iridogera Itegeko rya Reta y'Amerika


Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Abdusalam Hadliye Omer.
Umushikiranganji wa Somaliya ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu, Abdusalam Hadliye Omer.

Umushikiranganji wa Somaliyaajejwe imigenderanire n’ayandi makungu amenyesha ko ababajwe n’itegeko ryafashwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ribuza abanyesomaliya kwinjira muri Amerika mu kiringo c’agateganyo c’imisi 90.

Avuga ko yizigiye ko abategetsi b’Amerika bazokwisubirako kur’iyo ngingo.

Mu kiganiro yahaye Ijwi ry’Amerika kur’uyu wa mbere, Abdusalam Hadliye Omer yatangaje ko iyo ngingo ifashwe mugihe Somaliya cari gitanguye gusubirana inyuma y’imyaka itari mike kimaze mu ntambara.

Abajijwe ico reta yiwe igiye gukora kur’iyi ngingo, yatangaje ko reta ya Somaliya izokorana kugira igire ingingo ifashe nayo ku ruhande rwayo.

Mwomenya ko reta y’Amerika isanzwe ifasha Somaliya kurwanya umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab.

Abasirikare b’Amerika barigishije inteko za Somaliya zidasanzwe, indege za drone z’Amerika zarishe indongozi zitari nke za al-Qaida muri Somaliya zirimwo Ahmed Godane yari mu ndongozi zikomeye, yishwe m’ukwezi kw’icenda muri 2014.

Umushikiranganji wa Sudani ajejwe kumenyesha amakuru, Ahmed Bilal nawe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ata mpamvu abona Sudani yoshirwa mu bihugu bishigikiye iterabwoba.

Agatangaza ko yizigiye ko Amerika izokwisubirako. Yatangaje kandi ko Amerika ariyo yitaye mu mutego, ngo kubwiwe amakungu agiye gutera umugongo Reta zunze ubumwe z’Amerika.

XS
SM
MD
LG