Uko wahagera

USA: Perezida Trump Akomeye ku Ngingo Yafashe ku Mpunzi


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, abandanya gushigikira itegeko ryiwe riziririza impunzi n’abantu bava mu bihugu indwi bigizwe hanini n’Abayislamu kwemererwa ku butaka bwa Amerika.

Muri ico gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yiyemeje kubandanya kwitwarira iyo ngingo mu masentare.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bagize imyiyerekano mu bisagara bitandukanye mu gihugu mu gihe Abademokarate biteguriye gushiraho itegeko rihagarika ingingo ya Perezida Trump.

Mu butumwa butari buke yanditse ku rubuga ngurukanabumenyi, Twitter, Perezida Trump yatangaje kw’umushikiranganji ajejwe umutekano mu gihugu, John Kelly, yamubwiye kw’ibintu biriko bigenda neza umuntu aretse ibibazo biri ku rushi. Yatangaje kw’ibibazo bikomeye ku bibuga vy’indege vyatewe n’ingorane z’ivyuma vya ordinateri vyageramiye ishirahamwe ry’indege zitwara abantu Delta Airlines.

Itegeko rya Perezida Trump yateyeho igikumu ku musi wa gatanu, ririmwo guhagarika kwemerera impunzi ku butaka bwa Amerika mu kiringo c’imisi ijana na mirongo ibiri, n’ukuziririza ku butaka bw’igihugu mu kiringo c’imisi mirongo icenda. Iryo tegeko rireba abantu bavuye mu bihugu vya Iraki, Irani, Siriya, Somaliya, Sudani, Libiya na Yemeni.

XS
SM
MD
LG