Uko wahagera

Trump: "Nafashe Itegeko Rikingira Amerika Ritisunze Amadini"


Abanyagihugu i Washington biyamiriza itegeko ribuza impunzi kwinjira muri Amerika. Italiki ya 29, ukwezi kwa 1, 2017

Ibiro vya perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika vyemeje ko Perezida Donald yafashe itegeko ry’agateganyo ribuza abanyagihugu bo mu bihugu indwi vy’Abayisilamu kwinjira muri Amerika.

Trump yashikirije ko Amerika yishimira abimukira kandi ko izobandanya yerekana umutima w’urukundo kubahunga ubwicanyi, ariko yongerako ko bazobikora bakingira Abanyamerika n’imbibe z’igihugu.

Mwomenya ko igitigiri kinini c’impunzi, abafise uburenganzira bwo kuba muri Amerika, abanyeshure n’abakozi bari basohotse igihugu babujijwe kwinjira muri Amerika kuva iryo tegeko riteweko umukono kuwa gatanu.

Iryo tegeko ry’agateganyo k’imisi 90 ribuza abamuka mubihugu Amerika ivuga ko birimwo umutekano muke n’ibikorwa vy’iterabwoba arivyo Iran, Sudani, Iraki, Siriya, Yemeni, Libiya na Somalia.

Abanyagihugu baharurwa mu majana kur’uyu wa mungu barahuriye hafi y’ibiro vya Perezida, White House I Washington biyamiriza iryo tegeko.

Ahandi hakoraniye abaryiyamiriza ni ku bibuga vy’ingede vy’I New York, Washington, San Francisco n’ibindi bibuga mu bisagara bikomeye.

Bamwe mu bashingamateka bo mu migambwe ibiri ikomeye muri Amerika y’Abarepublikani n’Abademokrate bamenyesha ko badashigikiye iryo tegeko.

Abashikirizamanza bo mu mareta ane yo muri Amerika bariko bagerageza kubuza ko iryo tegeko rishirwa mungiro mu bice bakoreramwo.

XS
SM
MD
LG