Uko wahagera

Nta Munyamerika Yemerewe Kwinjira muri Irani


Prezida Hassan Rouhani wa Irani
Prezida Hassan Rouhani wa Irani

Igihugu ca Irani casohoye itangazo ribuza abanyamerika gusubira kwinjira k’ubutaka bwaco, inyuma y’aho Prezida Donald Trump asohoreye itegeko ribuza aba isilamu baturuka mu bihugu indwi kwinjira muri Amerika mu kiringo c’amezi ane ari imbere. Ivyo bihugu indwi ni Iraki, Libiya, Siriya, Sudani, Yemen na Somaliya.

Iryo tangazo ryasohowe n’Umushikiranganji wa Irani, ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu rivuga ko ingingo ya Prezida Trump ar’iyityoza ibihugu vya isilamu, kandi ko ari nk’agashimwe Prezida Trump ahaye imihari y’abiyahuzi. Irani yatangaje ko iryo tegeko rizohinduka ar’uko Amerika yakuyeho iyo ngingo.

Igihugu ca Irani kibaye ica mbere gusohora itangazo ku bijanye n’ingingo ya Prezida Trump. Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje ko iyo ngingo ariyo gukingira igihugu ku bantu baturuka mu bihugu bigwiriyemwo iterabwoba. Departema ya Amerika yabwiye Ijwi rya Amerika, kur’uyu wa gatandatu, ko iriko irakora ibishoboka kugira ishire ibintu m’uburyo, kandi ko umutekano w’abanyagihugu uza imbere.

Kur’uyu wa gatanu, Prezida Donald Trump yatangaje ko abantu barekuriwe kwinjira k’ubutaka bwa Amerika ar’abashigikiye Amerika bonyene. Itegeko rya Prezida Trump rivuga k’uburyo abajejwe gutanga impusha zo kwinjira muri Amerika bakwiye kuvyifatamwo.

XS
SM
MD
LG