Uko wahagera

Ba Perezida Trump na Poutine Bavuganye Iki?


Prezida Donald Trump kw'iterefone mu kiganiro na Prezida Poutine w'Uburusiya

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagiranye umubonano kw’iterefone na Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya, kur’uyu wa gatandatu. Icyo biganiro bibaye uwa mbere kuva Prezida Trump atanguye amabanga yo kurongora igihugu.

Inyuma yo kuganira, Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Amerika ntaco vyashimye gushikiriza kubijanye n’ico abo bategetsi baganiriye. Yamara mw’itangazo ryasohowe n’Uburusiya, rivuga ko abo bategetsi baganiriye bahuza, kandi ko bumvikanye ko bagiye gufashanya intambara yo kugwanya iterabwoba mu makungu, no kugwanya Umuhari wa Reta ya Kisilamu. Iryo tangazo rivuga kandi ko abo bategetsi ataco bavuganye ku bijanye n’ibihano Amerika iheruka gufatira Uburusiya, yamara ko bagiye kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, co kimwe nibijanye n’ubutunzi.

Inyuma y’ico kiganiro, Prezida Trump yongeye avugana kw’iterefone na Prezida Francois Hollande w’Ubufaransa. Abo bategetsi bakaba baganiriye ku bijanye n’Ishirahamwe OTAN, n’amasezerano y’i Paris ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere. Itangazo ryasohowe n’Ibiro vya Prezida Hollande, rivuga ko yagabishije bwana Trump ku ngaruka za politike n’ubutunzi zikurikira umugambi wo kwikingira cane.

Kur’uyu wa gatandatu, Prezida Trump yongeye kandi avugana kw’iterefone n'umushikiranganji wa mbere Angela Merkel w’Ubudagi, aho yamutumiye kugendera Amerika mu minsi iri imbere. Merkel akaba yatumiye Prezida Trump kuzokwitabira inama y’ibihugu bihurikiye muri G20, itegekanijwe mu kwezi kw’indwi.

Tubamenyeshe ko Prezida Trump yari yabanje kuvugana kw’iterefone n’Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani. Bakaba bagarutse ku masezerano mashasha y’urudandaza, bagiye gukomeza hagati y’ibihugu barongoye, batisunze amasezerano y’ibihugu bihuzwa n’ibahari Pacifike.

XS
SM
MD
LG