Uko wahagera

Abimukira Igihumbi mw'Ibahari Mediterane


Abimukira mw'ibahari mediterane,
Abimukira mw'ibahari mediterane,

Igisirikare kijejwe gucungera imbibe mu gihugu c’Ubutaliyano catangaje ko carovye ubwato bwarimwo abimukira bashika ku gihumbi, ubwo bwato bukaba bwariko buribira mw’ibahari Mediterane, kur’uyu wa gatanu. Umuntu umwe niwe bivugwa ko yahasize ubuzima.

Abategetsi b’Ubutaliyano batangaje ko abo bimukira bari mu bwato bushika kuri cenda, butatu muri bwo bwato bwari bubajwe mu mbaho, ubundi butandatu bukaba bwar’ubwo gupompa. Igisirikare kijejwe gucungera imbibe kimenyesha ko abo bimukira batwawe m’ubumanuko bw’igihugu, yamara nta vyinshi catangaje.

Abenshi mu bimukira bajabuka ibahari Mediterane baciye mu gihugu ca Libiya, baturuka k’umugabane wa Afrika no mu bihugu vy’abarabu. Mwomenya kandi ko mu mwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu, abimukira baharugwa ku bihumbi ijana na mirongo umunani aribo binjiye mu gihugu c’Ubutariyano. Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rikaba ryatangaje ko abashika ku bihumbi bitanu bahasize ubuzima bariko baragerageza kujabuka iryo bahari.

XS
SM
MD
LG