Uko wahagera

Umubonano wa Prezida Trump na May


Prezida Trump, na Theresa May, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru

Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yakiriye umutegetsi wa mbere kur’uyu wa gatanu, Umushikiringanji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May. Prezida Trump yatangaje ko Amerika ifitaniye imigenderanire idasanzwe n’igihugu c’ubwongereza. May yatangaje ko ivyo bihugu ukwari bibiri bisangiye inyungu ku bijanye n’ubutunzi, yongera avuga ko Prezida Trump yamwemereye ko ashigikiye ijana kw’ijana ishirahamwe OTAN.

Yamara ivyashikirijwe na Prezida Trump kubijanye n’uko ibindi bihugu bitegerezwa gutangura kuriha amafaranga y’umutekano wavyo, vyateye amakenga ibihugu vya Buraya bitari bake. Ikindi Prezida Trump yashikirije n’ikijanye nuko ashigikiye ko Ubwongereza buva mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya. Akavuga ko uwo mugambi ar’uwigitangaza.

Mu kiganiro abo bategetsi bahaye abamenyeshamakuru, Prezida Trump yatangaje ko hakiri kare ko agira ico avuze ku bijanye n’ibihano vyafatiwe Uburusiya. Ni mu gihe Prezida Trump ategekanya kuvugana na Prezida Vladimir Poutine w’Uburusiya kur’uyu wa gatandatu. Prezida Trump yongeye kandi abwira abamenyeshamakuru ko afitaniye imigenderanire myiza n’Ibihugu vyose, harimwo n’Ubushinwa.

Abo bategetsi ukwari babiri batangaje ko bafashe ingingo zo kunagura imigenderanire y’ubutunzi hagati ya Amerika n’Ubwongereza.

XS
SM
MD
LG