Uko wahagera

RDC: Impari Muri Politike Zirabandanya


Prezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo
Prezida Joseph Kabila wa Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo

Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo, amasezerano yateweko igikumu mu mpera z’umwaka uheze ashobora kutubahirizwa bivuye ko hari ibibazo ku bijanye n’uko impande zibiri zahuzwa n’ayo masezerano zisa n’izananiwe kuyashira mu ngiro. Ababikurikirana bakavuga ko bisa n’uko ata cizere kiriho co gutunganya amatora y’Umukuru w’Igihugu uyu mwaka.

Ayo masezerano ategekanya ko amatora atunganywa imbere y’uko uyu mwaka urangira, kandi ko Prezida Joseph Kabila abandanya gutwara mur’ico kiringo. Ayo masezerano ategekanya kandi ko Reta iyoborwa n’Umushikiranganji wa mbere aturuka m’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi isanzwe iri mu biganiro.

Mu gihe bisa n’uko bitoroshe gushira mu ngiro ayo masezerano, abahuza mur’ibiganiro, baturuka Mw’Ishengero Katolika nabo bivugwa ko bashavujwe n’uburyo ico kibazo cananiranye kuva mu nzira. Bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatandatu ariho impande zose ziheraheza ikibazo co gushinga Reta nshasha, no gushira mu ngiro ayo masezerano.

Christophe Lutundula, umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi amenyesha ko bategekanya gushinga umunsi ntabanduka wo kuba bashize mu ngiro ayo masezerano. Uruhande rwa Reta rwagiriza abo bitavuga rumwe ko bashaka gutegeka ku bijanye n’Umushikiranganji wa mbere, urwo ruhande rukavuga ko Prezida Kabila ahabwa amazina y’abantu batanu, mu gutora uwuja mur’ico kibanza.

Abahinga mu vya politike bamenyesha ko Reta nshasha ifise igikorwa cihuta co kurondera amafaranga yo gutunganya amatora y’Umukuru w’Igihugu.

XS
SM
MD
LG