Uko wahagera

Gambiya: Perezida Mushasha Yifuza Umurwi Ujejwe Ukuri n'Ukurekuriranira


Perezida mushasha wa Gambiya, Adama Barrow

Perezida mushasha w’igihugu ca Gambiya, Adama Barrow, avuga ko azoshiraho umurwi ujejwe ukuri n’ukurekurirana kugira wihweze ivyagirizo vy’ugutwara nabi mu kiringo c’imyaka 22 uwahoze ari perezida, Yahya Jammeh, yamaze ku butegetsi.

Umuhanuzi wa perezida mushasha, yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa mbere, kw’imbere yuko ava mu gihugu, Jammeh, yasahuye imiliyoni cumi n’umwe z’amadolari mu kigega ca Reta, imodoka ziwe zizimvye cane zivanwa mu gihugu n’indege.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yari yamwagirije imbere yaho ko yatyoje agateka ka muntu, mu gihe yamaze ku butegetsi, harimwo gupfunga abanyepolitike batavuga rumwe nawe n’abamenyeshamakuru.

Yahya Jammeh, yavuye mu gihugu ca Gambiya, ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, inyuma yuko ibihugu bigize ishirahamwe ry’ugufashanya mu butunzi mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, rigabishije kumufatira ingingo za gisirikare.

Perezida mushasha, Adama Barrow, yatangaje ko yanse ivyasabwe na Yahya Jammeh, vyuko yoguma mu gihugu ca Gambiya, mu kuvuga ko atari gushobora kwubahiriza umutekano wiwe.

Adama Barrow, muri iki gihe afise imyaka 51, yatangaje ko Reta yiwe izosaba kw’ivyerekeye amatora bitunganywa gushasha kugira abaperezida bo muri kazoza bagire ibiringo bifise aho bigarukira.

Yatangaje kandi kw’azokora kugira atunganye gushasha inteko zijejwe umutekano n’igisirikare.

Ntiyatangaje ibiringo yifuza kugira mu mabanga y’ukuyobora Gambiya. Yatangaje kw’ingingo kuri ico kibazo izofatwa n’Abanyagambiya.

XS
SM
MD
LG