Uko wahagera

USA: Impari k'Uruhome Rugabura Amerika na Mexique


Umupaka ugabura Amerika na Mexique

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje ko bizotoza amakori angana n’ibice mirongo ibiri kw’ijana ku bidandanzwa vyinjira bivuye muri Mexique, mu ntumbero yo gutoza amafaranga yo kwubaka uruhome rugabura Amerika na Mexique. Uwo mugambi wateye icuka kibi hagati y’ivyo bihugu bibiri, kuva Prezida Donald Trump atanguye amabanga yo kurongora Igihugu.

Sean Spicer, umuvugizi mu biro vy’Umukuru w’Igihugu, yabwiye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane ko ayo makori ategekanywa gutozwa angana n’imiliyaridi cumi z’amadolari k’umwaka, akazofasha kwubaka urwo ruhome. Spicer yatangaje kandi ko uwo mugambi ujanye no gusubiramwo itunganywa ry’ikigega ca Reta muri rusangi, ukaba ari nawo inama nshingamateka izoherako kwiga.

Mu gitondo co kur’uyu wa kane, Prezida Enrique Pena Nieto, wa Mexique, yatangaje ko atazokwitabira inama yari itegekanijwe kumuhuza na Prezida Trump. N’inyuma y’aho Prezida Trump atangarije ko uwo mubonano udakenewe ari hamwe uwo mutegetsi abandanije kuvuga ko atazotanga amafaranga yo kwubaka urwo ruhome.

Prezida Trump akaba yatangaje ko atazobura uburyo ashira uwo mugambi mu ngiro. Prezida Trump yaneguye kandi amasezerano ya Amerika y’Uburaruko, agizwe na Amerika, Canada na Mexique, mu kuvuga ko Amerika yahahombeye ubuzi, amahinguriro hamwe n’amafaranga.

XS
SM
MD
LG