Uko wahagera

Kenya: Abaganga barabandanya imyiyerekano


Imyiyerekano y'abaganga muri Kenya
Imyiyerekano y'abaganga muri Kenya

Muri Kenya, abaganga baharugwa mu majana bakoze imyiyerekano kur’uyu w akane, imbere y’Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire mu kazi, n’imirimo, k’umurwa mukuru wa Kenya, i Nairobi. Abo baganga, bari kumwe n’ababaherekeje, bari bafise ivyandiko bivuga ko ar’ubushikirangaji bw’amagara y’abantu bwahagaritse akazi.

Amezi abiri araheze abo baganga barahagaritse akazi, mu ntumbero yo kwiyamiriza uburyo Reta ya Kenya yanse gushira mu ngiro amasezerano yo mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu, ku bijanye n’impembo yabo, hamwe n’ibindi bibazo.

Amasezerano basaba gushirwa mu ngiro avuga ko bongerwa imishahara yabo ku bice ijana na mirongo umunani kw’ijana. Mu mwaka uheze umucamanza wa Reta akaba yaratangaje ko ayo masezerano ataho yanditswe. Reta ya Kenya ikaba yari yemeye gutanga uwo mushahara mu kiringo gito, yamara ikavuga ko abahagaritse akazi baca bakurwa mu mirimo yabo. Abanywanyi b’ishirahamwe ry’abaganga bavuga ko biteze no kuja mu munyororo kugira Reta imenye ko ikibazo cabo gikomeye.

Ivyegeranyo bitandukanye bimenyesha ko iryo hagarikwa ry’akazi mu baganga rimaze guhitana ubuzima bw’abatari bake. Bitegekanijwe ko Sentare isubira kwumviriza ibirego vy’abaganga k’umunsi wa kabiri w’indwi iza.

XS
SM
MD
LG