Uko wahagera

Ubwongereza Busaba Imigenderanire Ikomeye n'Amerika


Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubwongereza, Theresa May, afise umugambi wo gusaba ko hasubira kuba imigenderanire idasanzwe hagati y’igihugu ciwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, mur’iki gihe Ubwongereza buriko buritegurira kuva mw’ishirahamwe rya Bulaya, hamwe no mur’iki gihe Perezida Donald Trump yatanguye amabanga yiwe y’umukuru w’igihugu.

Uyu musi ku wa kane, May ari mu rugendo mu gisagara ca Philadephia muri Amerika, imbere y’uko aja hano i Washington, kubonana na Perezida Trump, ejo kuwa gatanu

Bitekanijwe kw’umupfasoni May ashikiriza ijambo uyu musi ku wa kane, igihe c’ikoraniro ry’abategetsi bo mu mugambwe w’Abarepublika, aho ahava ashimikira ku migenderanire imaze igihe kirekire, yafashije cane amakungu gutera imbere.

Perezida Trump hamwe n’icegera ciwe Mike Pence, nabo nyene bazoba bari mur’iryo koraniro rikuru ry’Abarepublika.

Urugendo rw’umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, rubaye inyuma y’aho Trump atereye igikumu kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, rivuga ko hazokwubakwa urukuta rurerure rubuza abanyagihugu bo muri Mexique kwikinga agahumbezi ngo binjire muri Amerika. Ni inyuma y’aho Trump atereye igikumu ku rindi tegeko rihagarika umugambi wo kwemerera impunzi kwinjira muri Amerika.

Iryo tegeko rirabuza kandi abanyagihugu bava mu bihugu vyo mu buseruko bwo hagati hamwe na Afurika bigwiririye Abaislamu kwinjira muri Amerika.

XS
SM
MD
LG