Uko wahagera

Abimukira Baturuka muri Somaliya Birukanywe muri Amerika


Ibiro bijejwe uruja n'uruza rw'ingenzi muri Amerika
Ibiro bijejwe uruja n'uruza rw'ingenzi muri Amerika

Abimukira bashika kuri mirongo icenda baturuka muri Somaliya, birukanywe k’ubutaka bwa Reta za Zunze Ubumwe za Amerika, bahowe kurenga ku mategeko, no kuba bataronkejwe ubuhungiro. Abo bimukira basubijwe k’umugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, kur’uyu wa gatatu.

Ahmed Isse Awad, aserukira Somaliya hano muri Amerika, yabwiye Ijwi rya Amerika ko abo bimukira bari bararungitse amakete mu biro vyiwe, hano I Washington DC, basaba gutahukanwa. Awad amenyesha ko ivyegeranyo bivuga kur’abo bimukira vyari bimaze imyaka itatu.

Haraheze imyaka ine, Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje ko Reta ya Somaliya ibangamiwe n’umugwi w’abiyahuzi al-Shabab. Abasirikare bashika ku bihumbi mirongo ibiri b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bakaba bararungitswe aho muri Somaliya kugwanya abanywanyi b’uwo muhari. Igikorwa bafashwamwo n’abajejwe gutanga inyigisho baturuka muri Amerika.

XS
SM
MD
LG