Uko wahagera

Uburayi Bwahagurukiye Ikibazo c'Abimukira


Abimukira baturuka muri Siriya mu gihugu c'Ubugiriki

Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya rimenyesha ko rishobora gutora umuti w’ikibazo c’abimukira binjira ku bwinshi baciye mw’ibahari mediterane, mu gushira abantu bajejwe gucungera imbibe z’Igihugu ca Libiya. Iryo shirahamwe rivuga ko ar’igikorwa cotwara amafaranga angana n’imiliyoni amajana abiri na cumi na zine z’amadolari.

Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya ryatanze uwo mugambi kur’uyu wa gatatu, umugambi uzoheza ukigwa mu nama y’abakuru b’ibihugu vya Buraya, itegekanya kuba mu ndwi iza. Mu mwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu, abimukira bashika ku ibihumbi ijana na mirongo umunani na kimwe nibo binjiye k’umugabane wa Buraya, binjiriye mu gihugu c’Ubutaliyano. Abenshi muri bo bakaba baturuka muri Libiya. Abarenga ibihumbi bine n'amajana atanu barasize ubuzima mur’iryo bahari.

Umugambi w’Ibihugu vya Buraya werekeye kandi gucungera imbibe za Libiya n’ibihugu bibanyi, nka Tchad na Nijer, hamwe n’imfashanyo yova mw’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho abimukira.

Yamara Ishirahamwe rya Buraya rivuga ko uwo mugambi ushoboka mu gihe amahoro n’iterambere bitsimbatajwe muri Afrika. Ni mu gihe iryo shirahamwe ririko riragerageza kwumvikana n’ibihugu vya Etiyopiya, Niger, Nigeria, Senegal na Mali mu kubiha imfashanyo yoba igenewe kugwiza ubuzi, no kubifasha m’uburyo butandakanye kugira igitigiri c’abimukira kigabanuke.

XS
SM
MD
LG