Uko wahagera

RDC: Abasirikare Bararegwa mw'Ihohoterwa ry'Abanyagihugu


Abagwanyi ba M23, m'ubuseruko bwa Kongo

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ryatangaje ko muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo igitigiri c’abahohotererwa ubuzima ciyongereye k’uburyo burenze urugero, mu mwaka uheze w’ibihumbi bibiri na cumi na gatandatu. Iryo hohoterwa ngo ryakozwe ahanini n’abasirikare ba Reta, nk’uko vyatangajwe n’ikinyamakuru ca ONU, ku vyabaye muri Kongo mur’uwo mwaka.

Jose Maria, umurongozi w’Ibiro bijejwe agateka ka zina muntu, yatangaje ko ibintu vyunyutse, ah’avuga ko ivygeranyo vyerekana ko abashika ku bihumbi bitanu n'ijana na mirongo icenda bahohoterewe ubuzima. Ico gitigiri ciyongeyeko ibice mirongo itatu kw’ijana c’abari bahohoterewe ubuzima mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu.

Umuvugizi wa Reta ya Kongo, Lambert Mende, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ico gitigiri atari co, ko kirenze urugero. Yamara nta kindi yarengejeko, akavuga ko atari bwaronke ico cegeranyo. Kiretse abasirikare baregwa mur’ico cegeranyo, abandi baregwa n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho, ikorera cane cane m’ubuseruko bwa Kongo.

Mu ntango z’iyi ndwi, ubutegetsi bwa Kongo bukaba bwarirukanye incuro ya kabiri, k’ubutaka bw’ico gihugu, Ida Sawyer, umushakashatsi akorera Ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu, Human Rights Watch.

XS
SM
MD
LG