Uko wahagera

USA: Perezida Trump Ariko Ategura Amategeko Yerekeye Abimukira


Perezida Donald Trump afise imigambi y’ugutera igikumu ku mategeko ajanye n’abikumira
Perezida Donald Trump afise imigambi y’ugutera igikumu ku mategeko ajanye n’abikumira

Bitegekanijwe ko perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, ategeka iyubakwa ry’uruhome ku rubibe n’igihugu ca Mexique kugira bibuze abimukira kwinjira muri Amerika mu buryo budakwirikije amategeko.

Trump ashaka kandi kugabanya igitigiri c’impunzi zemerewe mu gihugu n’uguhangana n’ibisagara biriko bikingira abimukira batagira ibikaratasi bimerera kuba mu gihugu mu buryo bwemewe n’amategeko.

Perezida Trump afise imigambi y’ugutera igikumu ku mategeko ajanye n’abikumira igihe aza kugendera ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu. Azofata izindi ngingo mu misi iri imbere.

Nta vyinshi vyatangajwe ku mategeko yafashe uno musi ku wa gatatu, yamara yafahe ingingo y’uguhagarika kwakira impunzi mu gihugu mu kiringo c’amezi atatu n’ukuziririza mu gihugu mu kiringo c’imisi mirongo itatu uwariwe wese avuye muri Iraki, Irani, Libiya, Siriya, Somaliya, Sudani na Yemeni, ibihugu vyose bigizwe ahanini n’Abayislamu.

XS
SM
MD
LG