Uko wahagera

Gambiya: Perezida Barrow Azotahuka Kuwa Kane


Adama Barrow umukuru w'igihugu ca Gambiya
Adama Barrow umukuru w'igihugu ca Gambiya

Perezida aherutse kuva mu matora mu gihugu ca Gambiya, Adama Barrow, azogaruka mu gihugu ku musi wa kane, inyuma yuko afashe ingingo yo kuva mu gihugu mu ntango z’uyu mwaka ku mpamvu z’umutekano wiwe.

Barrow, yatsinze Yahya Jammeh, yari amaze igihe kirkire arongoye igihugu ca Gambiya, mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze. Yamara Jammeh yaranse kwemera ko yatsinzwe gushika mu ndwi iheze, mu kuvuga ko hari ibitagenze neza mu matora.

Jammeh, yavuye mu gihugu ku musi wa gatandatu w’indwi iheze inyuma yuko ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero bigabishije gukoresha inguvu za gisirikare mu gihe Jammeh atari kuva ku butegetsi.

Ukuva kwiwe mu gihugu ca Gambiya kwarangije imyaka mirongo ibiri n’ibiri yari amaze ku butegetsi, aho yagirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu ko yakoresheje ubwicanyi kugira anumye abanyepolitike batavuga rumwe nawe.

Inteko zo mu karere ko muri Afrika yo mu burengero zimaze indwi muri Gambiya kubera Jammeh yari yanse kuva ku butegetsi.

Muri iki gihe ziriko zubahiriza umutekano kugira perezida mushasha Adama Barrow ashobore kugaruka mu gihugu.

Barrow yasavye inteko zo mu karere kuguma muri Gambiya mu kiringo c’amezi atandatu yimirije. Yamara nta ngingo irafatwa ku vyuko nimba izo nteko zizoguma mu gihugu.

XS
SM
MD
LG