Uko wahagera

Abantu 28 Bishwe mu Gitero i Mogadisho


Ikamyo ijejwe kuzimya umuriro kw'ihoteri Dayan, i Mogadisho, muri Somalia

Abategetsi ba Somaliya bamenyesha kw’abantu batari bake bishwe, canke barakomereka igihe abarwanyi b’umurwi al-Shabab bagira igitero uno musi kuwa gatatu kw’ihoteri iri ku murwa mukuru Mogadisho.

Abakozi bajejwe gutabara muri Somaliya bamenyesha kw’abantu mirongo ibiri n’umunani bishwe, abandi mirongo itanu barakomereka uno musi ku wa gatatu mu gitero cagizwe n’abarwanyi kw’ihoteri iri ku murwa mukuru, Mogadisho.

Ivyabona babwiye Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali, kw’umwiyahuzi yaturikije ikamyo yari yuzuye amabombe hanze y’ihoteri, Dayan, gatoyi imbere y’isaha zitatu zo mu gatondo mu masaha y’i Mogadisho.

Iyo hoteri igenderwa n’abarwizatunga n’abagize inama nshingamateka.

Umushikiranganji ajejwe umutekano wa Somaliya, Abdirizak Omar Mohamed yavuze kw’iyo kamyo yari yuzuye amakara mu mugambi w’uguhisha amabombe yari itwaye.

Abantu bitwaje ibirwanisho baciye biroha muri iyo hoteri, bararasa abashitsi, batana mu mitwe n’inteko zijejwe umutekano.

Umurwi w’abarwanyi, al-Shabab, wagize ibitero nkivyo ku mahoteri n’ibibanza bikomeye mu gisagara ca Mogadisho, wiyitiriye ico gitero ku kibanza cawo ngurukanabumenyi.

Hafi y’iminuta mirongo ine inyuma y’ico gitero, bombe igira kabiri yaturitse hafi y’ihoteri Dayan.

Abamenyeshamakuru indwi bari mu bakomeretse igihe iyo bombe igira kabiri yaturika.

XS
SM
MD
LG