Uko wahagera

Perezida wa Ukraine Asaba ko Ibihano k'Uburusiya Vyogumizwaho


Perezida wa Ukraine Petro Poroshenko

Perezida wa Ukraine, Petro Poroshenko yasavye kur’uyu wa kabiri ibihugu rutura kw’isi kugumuzaho ibihano vyafatiye Uburusiya.

Ivyo bihano vyafashwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika, Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya hamwe n’ibindi bihugu rutura mu ntango z’umwaka w’2014.

Uburusiya bwagirizwa kuba bwarigaruriye intara ya Crimea, buyonkoye kugihugu ca Ukraine. Bwagirizwa kandi gufata mu mugongo abarwanyi barwanya reta ya Ukraine mugice c’uburaruko.

Perezida Poroshenko atewe impungenge ko reta nshasha y’Amerika ishobora gutezurira Uburusiya ivyo bihano.

Mubihe vyo kwiyamamaza, Perezida Donald Trump yavuze ko ashobora gukuraho bimwe mur’ivyo bihano vyafatiwe Uburusiya.

XS
SM
MD
LG