Uko wahagera

Iraki: Reta yafashe Ubuseruko bwa Mosul


Abasirikare ba Iraki inyuma y'aho bakuriye Umuhari wa Reta ya Kiyisilamu m'Ubuseruko bwa Mosul. Ukwezi kwa mbere. 24, 2017.

Reta ya Iraki itangaza ko yafashe igice cose c’ubuseruko bwa Mosul cahora kigenzurwa n’umuhari wa reta ya Kiyisilamu, inyuma y’intambara yamaze imisi irenga ijana yatanguye m’ukwezi kw’icumi.

Reta itangaza kandi ko abo barwanyi bahungiye mu burengero bwa Mosul kandi ko batakigenzura ibiraro bitanu bica k’uruzi Tigris, ndetse na kaminuza y’I Mosul yarafashwe.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bubicishije k’umuvugizi wabwo, Capitene Jeff Davis, bwatangaje ko umuhari wa reta ya Kiyisilamu watakaje ibitari bike harimwo n’abarwanyi bawo bari bakomeye cane.

Mundwi irangiye, Jenerali Talib al-Shaghati, ategeka ingabo za Iraki zirwanya iterabwoba, yari yavuze ko ubuseruko bwa Mosul bwose bwafashwe.

Ubu naho, igisirikare ca Iraki gitangaza ko kigiye guhindukirira ikindi gice co mu burengaro bwa Mosul, aho ONU yatangaje kur’uyu wa kabiri ko abasivile ibihumbi 750 bariyo bashobora kubangamirwa.

Umuvugizi w’igisata ca ONU kijejwe agateka ka muntu, Ravina Shamdasani yavuze ko abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu bivanze n’abasivile baba hafi y’ibitaro n’amashure kugira babagire inkinzo kubitero vy’indege vy’abasirikare mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG